Image default
Mu mahanga

South Sudan: Doze ibihumbi za AstraZeneca zarengeje igihe mbere yuko zikoreshwa

Abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi muri Sudan y’epfo batangaje ko doze 60,000 z’urukingo rwa AstraZeneca rwa Covid-19, zari zatanzwe nk’imfashanyo n’umuryango w’Ubumwe bw’Afurika (AU), zarengeje igihe mbere yuko zikoreshwa.

Mu kwezi gushize, iki gihugu cyari cyasubitse gutangira ikingira, kivuga ko hari ingorane zijyanye n’ibikoresho.

BBC  dukesha iyi nkuru yatangaje ko ubu gukingira birimo gukorwa hifashishijwe izindi doze 132,000 zakiriwe mu kwezi kwa gatatu binyuze muri gahunda y’amahanga yo gusaranganya inkingo hagati y’ibihugu bikize n’ibicyennye, izwi nka Covax.

Dr Richard Laku, umutegetsi ushinzwe guhangana n’ibiza, yavuze ko n’iyo ikingira riza kuba ryaratangiye hakoreshejwe izo doze 60,000, batari kuba barangije kuzikoresha mbere yuko zirenza itariki yo kuba zakoreshejwe.

Dr Richard Laku, umutegetsi ushinzwe guhangana n’ibiza, yavuze ko n’iyo ikingira riza kuba ryaratangiye hakoreshejwe izo doze 60,000, batari kuba barangije kuzikoresha mbere yuko zirenza itariki yo kuba zakoreshejwe.

Abakozi bo mu rwego rw’ubuvuzi n’abageze mu zabukuru bose hamwe bagera hafi ku 2,000 bo mu murwa mukuru Juba, bamaze kubona doze ya mbere y’urukingo kuva ikingira ryatangira mu byumweru bibiri bishize.

Fabian Ndenzako, uhagarariye ishami ry’umuryango w’abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) muri icyo gihugu, yavuze ko bazerekera leta uburyo bwo kumena izo nkingo zarengeje igihe nibabisabwa.

Iriba.news@gmail.com

Related posts

Lou Ottens wavumbuye cassette y’amajwi yapfuye

EDITORIAL

Abantu 41 babujije Domitien Ndayizera amahirwe yo kwiyamamariza kuyobora u Burundi

Emma-marie

South Africa: Ukekwaho kwica abagore batanu ‘yiyahuriye muri kasho ya polisi’

Emma-marie

Leave a Comment

Skip to toolbar